Sura 13

1 Ubu hatalashika umusi mukulu wi pasika, kuko Yesu yaolamenya yuko isaha yiwe isolo ye aliyo aza kuva kwisi kugenda kwa daha, akaba yalakunda abantu biwe alibo bali kwise, yalabakunze kushika kumuhelo. 2 Umwasi yali yalateguwe kumutima wa Yuda Isikaliote umwana wa Simoni kumuhemukila Yesu. 3 Yesu yalamenye yuko sewiwe yasize ibintu vyose mukuboko kwiwe nuko Kumana yaliko alagenda kumana. 4 Yavuye kuvyo kudya alasasa hasi impuzu yiwe yahanze. Hanyuma yatwaye itaulo no kwihambi mbila wene. 5 Hanyuma ashila amazi mwibakuli acha abanza kuboza amagulu abanafunzi biwe no kubakulikila mitaulo aliyo yihambiliye wene nyene. 6 Alaza kwa Simoni Petro, Petro alambwila "Mwami ushaka kunyoza amagulu yanje? 7 Yesu alishula alamubwil, ichonkola ntukimenya abu aliko uzo menya hanyuma. 8 Petro alamubwila, "Ntunyoza amagulu yanje namba." Yesu alamwishula nimba ntakoza ntuza kuba kuluhande hamwe nanje. 9 Simoni Petro alamubwila, "Mwami ntunabe amagulu yanje kusa aliko namaboko yanje kandi numutwe wanje. 10 Yesu alamubwila, uwowese amaze kumba ntashaka kunaba bule amagulu yiwe, kandi alimwiza umubili wiwe wose, mwebwe mwabaye aliko sibose. 11 Kuko Yesu yalamenye udya azo muhemukila iki nicho kituma yavuze, sibose mwabaye beza. 12 Ikihe Yesu yaliko alaboza amagulu yabo amaze kutwala impuza yiwe alichala kandi alababwila, "Mbe mulamenya kidya chonabako uye? 13 Munyita mwebwe mwalimu numwami uku muvuga ukuli kuko nikomeze. 14 Nimba jewe ndi umwami nu mwalimu nogeje amagulu yanyu, mwebwe kandi mukwiye koza amagulu bagenzi bagenzi banyu. 15 Kuko nabahaye akalolelo kugila ngo namwe kandi mukole nkuko nanje nakoze iwanyu. 16 Nimwizele nimwizele, ndababwila umushumba simukulu kusumba sebuja wiwe chabule udya yatumwe ni mukulu kusumba udya aliwe yamutumye. 17 Nimba umenya aya majambo ulahezagiwe niwayakola. 18 Simvuga mwebwe mwese, yuko mumenya badya bonachaguye ahubwo mvuga ibi kugilango ivyanditswe bishoboke kushika udya adya umukate wanje yamvuliye ikichinchili chiwe. 19 Ndababwiye ibi ubu bilaboneka kugilango nivya nivyaboneka mushobole kwemela yoko jewe ndiwe. 20 Nimwemele ni mwemele, ndababwila unyakila jewe aba yakiliye udya wo natumye, nudya anya anyakiliye jewe aba yakiliye udya yantamye jewe. 21 Ikihe Yesu yavuga aya, yalababaye mumutima yalemeye no kuvuga nimwemele, nimwemele yuko umwe mulimwebwe alaza kumoemukila. 22 Abanafunzi biwe balala bana batangala nikulinde yabivuze. 23 Bali kumeza umwe mubanafunzin biwe yegamiye mukatundu mwa Yesu umwe aliwe Yesu yakunda. 24 Simoni Petro yalamubajije umwanafunzi uyu alavuga, "Tubwile mwahe uwo aganila. 25 Umwanafunzi udya yeganiye mukatuntu kwa Yesu nababwile, umwami ninde? 26 Hanyuma Yesu yalishuye, "Ni kudya nza kudimba ikimanyu chumukale nukumuha. Kulivyo aho yali yadimvye umukate yamuhaye yuda umwana wa Simoni iskariote. 27 Hanyuma yumukate, Shetani yalamwinjuye, Hanyuma Yesu alamubwila, "Kidya cho ushaka kukikole ningoga." 28 Ubu ntamuntu kumeza yamenye ikituma Yesu kuvuga ili jambo kuliwe. 29 Bamwe mulibo bagelelanya yuko kukubela Yuda yafasheb ukuboko kwa mahela nYesu yalababwiye, "Gula ibintu vyotushaka kukubela umu mukulu" chabule yuko akwiye akwiye kutanga ikintu kuba kene. 30 Inyuma ya Yuda kwa kila umukate yalasohotse hanze ni ngoga hali mwijolo. 31 Inyuma ya Yuda amaze kugenda Yesu yalavuze ubu umwana wumuntu alubashwe nimana ilubahwe muliwe. 32 Imana izo mwubaha muliwe iyene kandi azo kubahwa ningoga. 33 Abana bato ndikumwe namwe kumwanya muto muzondondela nkuko na babwiye abayahudi yongenda ntimushobola kuza ubu ndababwila kandi. 34 Ndabahaye itegeko lishasha yuko mukundama nkuko mwebwe nabakunze mwebwe, uko nyene kandi mukwiye kukundana mwebwe kuli mwebwe. 35 Kubela uko abantu bazo menya yuko mwebwe nabanafunzi banje nimba mufise ulukundo kwa kila umwe nuyundi. 36 Simoni Petro alamubwila, "Mwami ugiye hehe? Yesu alamwishula, "Aho ngenda ubu ntumushobola kunkulikila, aliko ulankukila hanyuma. 37 Petro alamubwila, "Mwami kuki sinkulondele kugeza nubu? Jewe ndtanga ubuzima bwanje kukubela wewe. 38 Yesu alabishula mbe utanga ubuzima bwawe kukubela jewe? Niwizele mwizele ndakubwila isake ntiza kubika utalanyihakana imigendo itatu.