Sura 12

1 Imisi mukaga itasohole ipasika Yesu yagiye Betania hoyalili Lazaro, woyazuye kuva mubapfuye. 2 Bamuchumbila ivyokudya vyumugoloba hiyo, Martha alamukolela mulugo mwanya Lazaro nawe yalimwo mubikala kudya ivyo kudya hamwe na Yesu. 3 Hanyuma Mariamu atola ichupa ya Mavuta gakozwe mwinardo nyiza yikichilo kinini ayasiga Yesu kumagulu Ahanagula amagulu ya Yesu kumuchachi wiwe, inzu yose yuzura imoto ya mavuta. 4 Yuda Iskariote yumwe wo mubanafunzi biwe aliwe azo muguza Yesu alavuga. 5 "Kubeliki aya mavuta mutaguza kwi dinari amajana atatu mukayaha abakene?" 6 Nawe yavuze kutyo ntihali kubabalila abakene, ahubwo ni kubela yalu mushuma wene niwe yafata umufuko wa mahela yaguma yitolela mubibichwe umwo kuvyiwe wenyene. 7 Yesu yalavuze, "Muleke abike chafishe kubela kuzikwa yange. 8 Abakene muloba na bene imisi yose; Aliko ntimuzoba nange imisi yose. 9 Abantu benki ba bayahudi bamaze kumenya yuko Yesu ali hiyo, nabo balaza sikubela Yesu kusa kugila babone na Lazaro wo Yesu yazuye kuva mubafpuye. 10 Abakulu bamakuhani belewana kwicha Lazaro. 11 Maana kubela wene benki mubayahudi bagiye kwabo bizera Yesu. 12 Umusi gwa kabili abantu bensi baje kumusi mukulu bumvishe yuko Yesu aza Yerusalemu. 13 Batwaye amashami yibiti vyibisanda basohoka hanze baja kumusangila batela ugwamo, "Hosana! Alahezagiwe wene aje kwizina dyumwami, umwami wa Israeli." 14 Yesu yalonse umwana windogobe alamwulila; nkakudya vyandichwe. 15 Ntutinye mukobwa wisayuni, Umwami wawe alaje yuliye umwana windogobe. 16 Abanafunzi biwe ntibamenye ibi bintu bwambele; Aliko Yesu amaze kuhabwa ichubahilo chiwe, niho bibuka yuko yandikiwe ivyo bintu niko bakoze ivyo bintu kuli wene. 17 Udya mugwiwa bantu bali kumwe na Yesu aho yahamagala Lazaro kuva mumva balashuhudia kubandi. 18 Ivyo vyabaye kukubeli kandi umugwi wabantu bagiye kumusanganila kubela bumvishe yuko yakoze icho kimenyecho. 19 Amafarisayo bavugana bene kulibene, "Laba, ubu ntimwoshobola kukola chochose, Laba isiyose baguye kuli wene." 20 Abayahudi bamwe bali muli badya bagenda kusenga kumusi mukulu. 21 Aba bagiye kuva Filipo yavuye Bethsaida ya Galilaya, bala musaba bavuga, "Bwana twebwe twifpuza kubona Yesu." 22 Filipo alagenda abwila Adrea, na Filipo bagenda kubwila Yesu. 23 Yesu alishula alavuga, "Isaha ilasohoye yumwana wumuntu kuhabwa ichubahilo chiwe. 24 Izere izere ndababwila, imbuto yingano itaguye hasi kafpa yikala kutyo yonyene aliko ifpuye ivyala amatunda menshi. 25 Ukunda ubuzima bwiwe azobutakaza aliko ubwanka ubuzima bwiwe mwiyisi azobukiza kushicha ubuzima butahela. 26 Umuntu wewese niya nkolela jewe ankulikile, Nange hondi niho numukozi wange azoba. Umuntu wewese niya kolela, Daha azomwubaha. 27 Umutima wange ulababaye: Nunge mvuge kute? Daha, unkize kwiyisaha? Aliko nikubushake bwili kusohola kuliyi saha. 28 Daha udyubahishe izina dyawe, "Hanyuma isauti ilaza kuva mwijuru ilavuga, "Nadyubahishije nange ndodyubahisha kandi." 29 Ikitelane chali kihagaze hofi na wene balumva, bavuga, bavuga yuko habaye umutulagalo. Abandi bavuga, Malayika yavuze na wene. 30 Yesu alishula avuga, "Iyisauti ntiyaje kubela jewe, ahubwo nikubela mwebwe. 31 Ulubanza gwiyisi luliho. Umukulu wiyisi azotabwa hanze. 32 Nange ninaduzwa hejuru yisi, ndobakwega bose kwange" 33 Yavuze kutyo yelekana nulufpu lumezekute azofpa. 34 Ikitelane balishula, "Twebwe tumvishe mwitegeko yuko Klisto abaho ibihe vyose. Nawe uvuga kute, "Umwana wumuntu lazima aduzwe hejuru? Uyu mwana wumuntu ninde?" 35 Basi Yesu alababwila, "Umucho uchali hamwe namwe umwanya muto. Nimugende kubela mufishe umucho, kugila umwijima ntiguze gubililanileko. 36 Mufishe umucho, izere uwo mucho mube abana bumucho. "Yesu yavuze ivyo hanyuma aligila alabinyegeza ntibamubone. 37 Naho Yesu yakoze ibimenyecho vyinki kutyo imbele yabo bado ntibamwizeye. 38 Kugila lisohole ijambo dyuwavugishwa ni Mana Isaya dyo yavuze. "Umwami, ninde yizeye ihabari zachu? Ukuboko kumwami kwelechwe nde?" 39 Nicho chatumye bene batizera kubela Isaya yalavuze kandi, 40 "Yabahumije amaso yagumije imitiyabo; Ntiba bone kumaso yabo no kumenya kumitima yabo, bakagaluka nkabakiza. 41 Isaya yalavuze ayo majambo kubela yalabona ubwela bwa Yesu na yalavuze ihabari ziwe. 42 Yamale nabakulu benki balamwizeye Yesu, Aliko kubela abafarisayo, ntibavuze kugila ntibabate hanze yisinagogi. 43 Bakunze ichubahilo cha bantu bakilutisha ichubahilo chi Mana. 44 Yesu alasemelela alavuga, "Udya anyizera jewe ntujizera jewe kusa ahubwo nudya ya ntumye jewe. 45 Nudya abonye jewe alamubona nudya ya ntumye. 46 Jewe naje nkumucho mwiyisi kugila kila muntu anyizera jewe ntiyikale mumwijima. 47 Ni haba umuntu wewese yumva amajambo yange aliko ntayafate jewe sindamuchila ulubanza kubela sindaje kuchila ulubaza iyisi ahubwo iyisi. 48 Unyanka jewe atemela amajambo yange, alafishe umuchila ulubanza: Idyo jambo nidyo lilomuchila ulubanza umusi wihelezo. 49 Kubela jewe sindavuze vyokwange kusa. Ahubwo Daha yantumye wene nyene yantegeche vyondovuga. 50 Nange ndamenya yuko vyoyategeche kwalubuzima buta hela basi vyomuga jewe niko Daha ya mbiye niko ndabivuga kwabo.