Sura 14

1 Hanyuma mulicho kihe, Herode yumvishije hejulu ya Yesu. 2 Alababwila abakozi biwe, "Uyu ni Yohana abatiza yazutse kuva mubapfuye kulivyo izo nguvu ziliho hejulu yiwe." 3 Kuko Herode yali yamufashe Yohana alamuboha acha amuta mwibohelo kukubela Herode umugole wa Filipo mukulu wiwe. 4 Kuko Yohana yalamubwiye, "Ntibikwiye kutwala wene kuba umugole wiwe." 5 Herode yomwishe aliko yalayinye abantu kuko balamubonye kuba umuvugishwa. 6 Aliko ikihe umusi wokuvuka Herode usohoye umukobwa wa Herodia yalavyinye hagati ya bantu no kumunezeleza Herode. 7 Kukwishula ili yasezelanye kundahilo yukon azomaha ichopochose azomusaba. 8 Hanyuma yokuhamugwa na nyina wiwe, yalavuze, "Numpe jewe hano mukikombe umutwe wa Yohana abatiza. 9 Umwami yali yababaye kumasengo yi nkumi aliko kukubela indahilo yiwe, kuko bose baliko baladya hamwe nawe yabategetse yuko bikwiye bikoleke. 10 Yatumye Yohana azanwe kuva mwibohelo. 11 Kugila achibwe umutwe wiwe uzanwe hejulu yisinia alahabwa inkumi acha autwala kwa nyina wiwe. 12 Hanyuma abanafunzi biwe balaza kutwala wa mubili no kuwuzika hanyuma yibi balagiye kumubwila Yesu. 13 Nawe Yesu avyumvishije yalavuye kuva ahantu hadya alulila mubwato alagenda ahantu hateguwe ikihe abantu benshi bamenya aho yalili bamukulikiye kumagulu kuva kumuji. 14 Hanyuma Yesu yalaje imbele yabo alabona ubwishi bwabantu benshi. Alabagilila ikigongwe no kubakiza ingwala zabo. 15 Hageze kumugoloba, abanafunzi balaza kwiwe bavuga, "Aha ni kukiche chubugalagwa kandi umusi wachiyeho. Basanzaze abakolanye kugila bagende bmubijiji bagule ivyo kudya kukubela bene. 16 Aliko Yesu alababwila ntibolinda kugenda numubahe mwebwe ivyokudya. 17 Balamubwila, "Aha tulafise imikale itamu nisamaki zibili gusa" 18 Yesu alavuga, "Nimuzizane iwanje." 19 Hanyuma Yesu alategeka wa mugwi ichala hasi yubwatsi. Alatwala imikate itamu naza samaki zibili. Alalaba hejulu mwijulu, alahezagila alaumanyula umukate alaboha abanafunzi. Abanafunzi bala uhawamugwi. 20 Baladya bose balahaga. Hanyuma balegelanya ibisate vyose vyivyokudya mikuzuza ibikapu chumi na bibili. 21 Badya baliye bagelela nywa nkaba gabo gabo ibihumbi bitanu batallinze kuhalula abagole na bana. 22 Ubwo nyene yalategetse abanafunzi binjile mubwato, icho kihe wene alabasezela wamuwabantu bagende. 23 Hanyuma yo kusezela wa mugwi wa bantu bagende alulila hejulu kumusozi kusenga wenyene, ikihe hali kumugoloba yali wenyene. 24 Aliko ubu ubwato bugeze hagati yinyanza bulimwo bulazunga zunga kukubela umukuba kuko umuyaga wali winyulane. 25 Mwijolo dyubugila kane Yesu yalabigeleye, alimwo agendela hejulu yamazi. 26 Mukihe abanafunzi biwe bamubona agendela hejulu yinyanza balagize ubwoba balavuga, "Numuzuka" no kutela ugwamo bafise ubwoba. 27 Yesu alabwila umugendo umwe, alavuga, "Nimuleme! ni jewe! Ntimutinye. 28 Petro yalamwishuye alavuga, "Mwami, Nimba aliwewe, nuntegeke nze kwawe hejulu yamazi." 29 Yesu alavuga, "Ingo" Petro alava mubwato no kugendagenda hejulu yamazi kugenda kwa Yesu. 30 Aliko Petro abonye imikuba, yalatinye, abanza kwibila, hasi alahamagala kwijwi alavuga, "Mwami mukinze." 31 Ningoga Yesu alagolola ukuboko kwiwe alamutelula Petro no kumubwila, wewe ufise ukwizela kutoyi, kuki wagelelanya. 32 Niho Yesu na Petro binjila mubwato, umuyaga wachiye uhagalala kuhuhuta. 33 Abanafunzi mubwato balamusenga Yesu no kuvuga, "Nukuli wewe ulumwana wimana." 34 Bamaze kujabuka, balasohoye mukihungucha Genesaleti. 35 Abantu mulicho kiche balamumenye Yesu, batumye ubutumwa kila biche vyo kuluhande no kuzana kila uwalia waye. 36 Bala mwinginze yuko boshobola kufata umukunjo wi mpuzu ziwe benshi baukozeko balakijijwe.