Isura 22

1 Yesu yabashubize, ari kubacirira ugundi umugani ngo: 2 Ubwami bwo mu juru busana n'umwami umwe wari arikwenda gushohwereza umwana we. 3 Yatumire abakozi ngo bagende kwakira abandu bararikirwe, boshe banga kwija. 4 Yatumire abandi ngo bagende kubakura no kubabwira ngo: Reba marire kugitayarisa, nabagire inga yanje, ibiryo n'ibindi byoshe biri tayari, none mwije m'ubushitsi. 5 Bamuhemire, barakigendera buri mundu mukazi ke. Abandi bigendera gucuruza. 6 Abasigeye iyo bagendire, bafata ba bakozi barabahonda no kubita. 7 Nuko wa mwami yarakeye cane, atuma abasoda be bita ba bagizi b'amabi no kurimbura urusisiro rwebo rwoshe. 8 Hanyuma yabwiye abakozi be ngo: Reba. Ubukwe bwagerire ariko abo twahamageye boshe bangire kwija, ndo bakwiriye. 9 None rero, mugende mu mabarabara manini n'amannyori, abo murabona boshe bije m'ubugeni. 10 Abo bakozi bagiye mu barabara no mu mayira manini barundarunda abandu boshe bo babwenye, ababi n'ababoneye, ubukwe bwujwira abashitsi. 11 Igihe Umwami yingiye mu nju kureba no kuramutsa abashitsi, yabwenye umundu umwe udafite umwenda g'ubishitsi. 12 Yamubaza ngo: weho wagerire munoya gute nda mwenda g'ubushitsi wambeye? Abura ico yagamba. 13 Nuko Umwami yategekire abakozi be ngo: Mumufate, mumufunge amaboko n'amaguru no kumuterera hanje, kuko hakabeyo kurira no guhekenya amenyo. 14 Kubera ko abahamagewe ni kangari ariko abacagwiwe ni bannyori.

15 Nuko Abafarisayo bagiye gupanga uko bakatege Yesu mu magambo ge. 16 Batumire abandu bebo hamwe n'aba Herode barikugamba ngo: Mwalimu, twiji neza ko weho uri umundu wa kweli kandi ko wigisaga injira y'Imana ya kweli. Kandi ndutinyaga abandu, ndo nubwo urebaga ububonere bw'umundu. 17 None tubwire, urigutekereza ki? Tugombore kuriha imisoro gwa Kaisari cangwa oya?

18 Yesu amarire kumenya ububi bwebo arabasubiza ngo: Kubera ki muri kwenda kungerageza mwa ndimanganya mwe? 19 Munyereke igiceri. Bamuzanira idinari. 20 Yabazize ngo: Yinoya ni sura ya nde? N'ijina n'irya nde?

21 Bamushubize ngo: N'ibya Kaisari. Nuko rero: Ibya Kaisari mubihe Kaisari, iby'Imana nabyo mubihe Imana. 22 Bamarire kubyumva batangeye, bamusiga barikunyomboroka.

23 Ico gihe, Abasadukayo bagambaga ko nda muzuko gubagaho. Bija iwe bamubaza ngo: 24 Mwalimu, Musa yagambire ngo umundu abeye apfiye atazeye, mwene nyina akashohweze umugore we kugira ngo amuzareho abana. 25 None habeyeho abavunkanyi barindwi. Uwambere yashohweje, yapfa atazeye, umugore we yamusigiye mwene nyina. 26 Gucoguco, niko byabereye uwagashatu kugeza kuwa karindwi. 27 Nyuma ya boshe, umugore nawe yapfiye. 28 None igihe c'umuzuko, uwo mugore akabe uwande? Kubera ko yabeye umugore wa boshe.

29 Ariko Yesu yabashubize ngo: Mukorire amakosa kubera ko ndo mwiji ibyandikirwe, kandi ndo mwiji ingufu z'Imana. 30 Mumenye ko igihe co kuzuka nda gushohweza cangwa gushohwezwa kubera ko tukabe tumerire nga malaika mu juru. 31 Kandi ku byerekeye kuzuka kw'ubapfiye, ndo mwabwiwe n'Imana ngo: 32 Njewe ndi Imana y'Abrahamu, Imana ya Isaka n'Imana ya Yakobo. Ndo ndi Imana y'abapfiye. Ariko ndi Imana y'abariguhumeka.

33 Abandu bamarire kubyumva, batangeye kubera amigisho ge.

34 Ariko Abafarisayo bumvisize ko yafungire akanwa k'Abasadukayo bija kumuhurira ho. 35 Umwe mu bo, umunyamategeko mukuru yamubazize, arikumupima ngo: 36 Mwalimu, mu mategeko goshe ni rihe rikuru?

37 Yamushubize ngo: Ukunde Umwami Imana yawe n'umutima gwawe gwoshe, n'ubwenge bwawe bwoshe. 38 Iryo niryo tegeko rikuru kandi rya mbere. 39 Irya kabiri rimerire ngaryo ni rinoya: Ukunde mwira wawe nguko wikundaga. 40 Gano mategeko gombi gazingirwemo amategeko n'imburo zo mwiji.

41 Abafarisayo bamarire guhurira hamwe, Yesu nawe yababazize ngo: 42 Murigutereza ki ku byerekeye Kristo? Ni Umwana wa nde? Bamushubize ngo: Ni Umwana wa Daudi.

43 Yababwiye ngo: None si ni gute Daudi mubyo Umuka yamuyitaga Mwami arikugamba ngo: 44 Umwami yabwiye Umwami wanje ngo: Wikare m'ukuboko kwanje k'uburyo kugeza igihe co ngahire abanzi bawe musi y'ibisando byawe. 45 None Daudi abeye yamuyitire Umwami, yabeye Umwana w'Umwami gute? 46 Nda mundu numwe wamushubize igambo na rimwe. Nyuma yaho, nda numwe wamubazize irindi gambo.