Isura 10

1 Hanyuma, Yesu amarire guhamagara abanafunzi be cumi na babiri, yabaheye ingufu zo kugirukana ibizimu no gukiza indwara n'uburema bwoshe. 2 Gano nigo mazina g'abanafunzi cumi na babiri. Uwambere ni Simoni witwa Petro, na Andereya, Yakobo muhungu wa Zebedayo na Yohana mwene nyina, 3 Filipo na Bartelemayo, Tomasi na Matayo washoresaga, Yakobo muhungu wa Alfayo na Tadeyo. 4 Simoni w'i Kana na Yuda Iskariyoti, uwo watangire Yesu.

5 Abo nibo banafunzi Yesu yatumire amarire kubategeka ngo: Mwere kugenda iwebo w'abapagani kandi mwere kugendera mu bapagani cangwa kubera mu miji za Samariya. 6 Mugende kwenda indama z'Abisraeli baherire. 7 Mugende kandi murikugamba ngo: Ubwami bwo mu juru bugerire hafi. 8 Mukize abarwayi, muzure abapfiye, muboneze ababembe, muyirukane ibizimu. Mwahewe mutagurire, namwe mutangire busha. 9 Mwere gutwara izahabu cangwa amakuta, cangwa igiceri mu mikaba zenyu. 10 Cangwa si ishakoshi mu safari zenyu, cangwa ipantalo zibiri cangwa ibirato, cangwa ingoni kuko umukozi akwiriye kubona umushahara ku kazi ke. 11 Mubeye mugerire m'urusisiro cangwa m'umuji mubaze kwanza aho umundu ukwiriye kubakira ari, muhabe kugeza igihe co gutaha. 12 Muyingiye mu nju, mubaramutse. 13 Abatuye muri iyo nzu abababereye beja, ituze ryenyu ribemo, ariko abeye ari abandu babi, mwere kubaha ituze ryenyu. 14 Babeye batabakiriye cangwa ndibumvire amagambo genyu mukigendere, mukivire muri iyo nju cangwa ugo muji, hanyuma mubakungumurire umucucu go ku bisando byenyu. 15 Mbabwirize ukuri ko ugo musi g'urubanza, ugo muji gukahanwe cane kurenza Sodoma na Gomora.

16 Mumenye bunoya, mbatumire ng'indama mu gati y'ibisimba bikarihire. Mugitonde ng'injoka, kandi mukiyorose ng'inuma. 17 Mukirinde abandu, kuko bakabarege ku tribinali, kandi bakabakubitise ibiboko mu masinagogi. 18 Bakabagendane ku bategetsi bakuru n'abami kugira ngo mube abadimwe hambere yebo no hambere y'abapagani kubera njewe. 19 Kubera ko, naho bakabatange, mwere kukibaza ibyo mukagambe cangwa gushubiza, kuko Imana ikabahe muri iyo saha ibyo mukashubize. 20 Kuko ndo ari mwewe mukagambe, ahubwo Umuka gw'Imana yenyu gukagambire muri mwewe. 21 Abavukanyi bakamarane, n'umuzeyi umwana we, abana bakarwanye abazeyi bebo kandi babite. 22 Abandu boshe bakabange, kubera ijina ryanje, ariko ukihangane kugeza k'umwisho, akakizwe. Umugi gumwe gubangire, mukigendere m'ugundi. 23 Ndikubabwirisa ukuri, Umwana w'Umundu akagaruke mutarazunguruka imiji yoshe ya Israeli.

24 Umwanafunzi ndo yoruta umwalimu we kandi umukozi ndo yokigereka ku shebuja. 25 Ndo mwotekereza ko abandu boshima umwanafunzi no kugaya mwalimu we, cangwa ngo bafate neja umukozi kurenza shebuja. Niko bimerire kuri mwewe. Kubera ko ndi mwalimu wenyu, bakabatese kubera ko na njewe bantesize. Ni ngaho ndo nyiri inju, niba bamereye nabi, mwewe murindiye ki kiboneye ku bo?

26 Mwere kubatinya kuko nda cahishirwe kitakahishurwe kandi nda na kimwe gikorwaga kitakamenyekane. 27 Ibyo ndikugamba imbere yenyu m'umuyobe, mukabigambire ku karubanda k'umutaga, ariko ibyo ndikubabwirira m'ugutwi mukabyigisirize heru y'agasongero k'inju. 28 Mwere gutinya ibyitaga umubiri bidashobweye kwita ubuzima. Mutinye, ahubwo, ibishobweye kwita ubuzima n'umubiri, no kubageza muri jehenamu. 29 None si ndo mugurisaga ibishwi bibiri ku faranga rimwe, ariko mumenye ko nda na kimwe kigwaga hashi ha butaka no gupfa, Data atabishakire. 30 Kandi imitsatsi zo ha mutwe gwenyu zibarirwe. 31 Mwere gutinya rero, murengire kure na kure ibishwi akangari. 32 Ariko ukanyihakanire imbere y'abandu na njewe ngamwihakanire imbere ya Data uri mu juru. 33 Nico gitumire ukandangaze imbere y'abandu na njewe ngamubere umudimwe imbere ya Data uri mu juru.

34 Mwere kukibesa. Ndo nayijire kuzana ituze ku si, ahubwo nazenye umusho. 35 Kuko nayijire gutanya umundu na she wamuzeye, gutanya umuhara na nyina, umukazana na nyirabukwe. 36 Kandi abanzi b'umundu nabo mu nju ye. 37 Ukundaga she na mama we kundenza ndo duhuye. Kandi ukundaga umuhungu we cangwa umuhara we kundenza ndo akwiriye kuba uwanje. 38 Udahekire umusalaba gwe ngo angurikire ndo nawe akwiriye kuba uwanje. 39 Ukacunge ubuzima bwe akabuhebe, kandi ukabuhebe kubera njewe akabeho ibihe byoshe.

40 Umundu ukabahe karibu ni njewe akabe akaribisize. Kandi ungaribisize akabe akaribisize uwandumire. 41 Uwakiraga imbuzi kubera imburo ze, akahabwe isadaka y'imbuzi kandi n'uwakiriye umundu w'ukuri kubera ukuri kwe akahabwe isadaka z'abanyakuri. 42 Kandi umundu woshe ukabahe ikopo ry'amazi gakonje kuko ari umwanafunzi wanje, ndikubabwirisa ukuri ndo akabure ingene ye.