Isura 22

1 Yesu arabasubiza, ari kubacurira ugundi umugani ngo: 2 Ubwami bwo mu juru busana n'umwami umwe washakire gushohwereza umwana we. 3 Yatumire abakozi ngo bagende kwakira abandu bararikirwe, boshe banga kwija. 4 Yatumire abandi ngo bagende kubakura no kubabwira ngo: Reba marire kukitayarisha, nabagire inga yanje, ibiryo n'ibindi byoshe biri tayari, none mwije m'ubushitsi. 5 Bamuhemire, barakigendera buri mundu mukazi ke. Abandi bigendera gucuruza. 6 Abasigeye iyo bagenda, bafata ba bakozi barabahonda no kubita. 7 Nuko wa mwami yarakeye cane, atuma abasoda be bita ba bagizi ba nabi no kurimbura urusisiro rwebo rwoshe. 8 Hanyuma yabwiye abakozi be ngo: Reba. Ubukwe bwagerire ariko abo twatumiye boshe bangire kwija, ndo bakwiriye. 9 None rero mugende mu mabarabara manini na ndoya abo murabona boshe bije m'ubugeni. 10 Abo bakozi bagiye mu barabara no mumayira manini barundarunda abandu boshe bo babwenye, ababi n'ababoneye, ubukwe bwujwira abashitsi. 11 Igihe co Umwami yayingiriye mu nju kureba no kuramutsa abashitsi, yabwenye umundu mwe udafite umwenda g'ubishitsi. 12 Aramubaza ngo: weho wagerire munoya gute nda mwenda g'ubushitsi wambeye? Abura ico yagamba. 13 Nuko Umwami ategeka abakozi be ngo: Mumufate, mumufunge amaboko n'amaguru no kumuterera hanje, kuko hakabeyo kurira no guhekenya amenyo. 14 Kubera ko abahamagewe ni kangari ariko abacagwiwe ni bannyori.

15 Nuko Abafarisayo bagiye gupanga uko bakatege Yesu mu magambo ge. 16 Batumire abandu bebo hamwe na ba Herode barikugamba ngo: Mwalimu, twiji neza ko weho uri umundu wa kweli kandi wigisaga injira y'Imana ya kweli. kandi ndutinyaga abandu, nda nubwo urebaga ububonere bw'umundu. 17 None tubwire, urigutekerez'iki? Tugombye kuriha imisoro ya Kaisari cangwa oya?

18 Yesu amarire kumenya ububi bwebo arabasubiza ngo: kubera ki muri kwenda kungerageza mwa ndimanganya mwe? 19 Munyereke igiceri. Bamuzanira idinari. 20 Yabazize ngo: Yinoya ni sura ya nde? N'ijina n'irya nde?

21 Bamusubize ngo: N'ibya Kaisari. Nuko rero: Ibya Kaisari mubihe Kaisari, n'iby'Imana mubihe Imana. 22 Bamarire kubyumva batangeye, bamusiga barikunyomboroka.

23 Icyo gihe Abasadukayo bagambaga ko nda muzuko gubagaho. Bija iwe bamubaza ngo: 24 Mwalimu, Musa yagambire ngo umundu abeye apfiye atazeye, mwene nyina akashohweze umugore we kugira ngo amuzareho abana. 25 None habagaho abavunkanyi barindwi. Uwambere yashohweje, yapfa atazeye, umugore we yamusigiye mwene nyina. 26 Gucoguco amusigira uwagashatu kugeza kuwa karindwi. 27 Nyuma ya boshe umugore nawe yapfiye. 28 None igihe c'umuzuko, uwo mugore akabe uwande? Kubera ko yabeye umugore wa boshe.

29 Ariko Yesu yabasubiza ngo: Mukorire amakosa kubera ko ndo mwiji ibyandikirwe, nda nubwo mwiji ingufu z'Imana. 30 Mumenye ko igihe co kuzuka nda gushohoza cangwa gushohozwa kubera ko tukabe tumerire nga malaika mu juru. 31 Kandi ku byerekeye kuzuka kw'ubapfiye, ndo mwabwiwe n'Imana ngo: 32 Njewe nd'Imana y'Aburahamu, Imana ya Isaka ndetse Imana ya Yakobo; ndabwo nd'Imana y'abapfiye. Ariko nd'Imana y'abariguhumeka.

33 Abandu bamarire kubyumva, batangeye kubera amigisho ge.

34 Ariko Abafarisayo bumvisishije ko yafungire akanwa k'Abasadukayo bija bahurira kuri Yesu. 35 Umwe muri bo, wo munyamategeko aramubaza, arikumupima ngo: 36 Mwalimu, mu mategeko goshe ni rihe rikuru?

37 Aramusubiza ngo: Ukunde Umwami Imana yawe n'umutima gwawe gwoshe n'ubwenge bwawe bwoshe. 38 Iryo niryo tegeko rikuru kandi rya mbere. 39 Irya kabiri rimerire ngaryo ni rino: Ukunde mwira wawe nguko wikundaga. 40 Gano mategeko gombi gafungiwemo amategeko n'imburo zo mwiji.

41 Abafarisayo bamarire guhurira hamwe, Yesu nawe arababaza ngo: 42 Murigutereza ki kubyerekeye Kristo? Ni Umwana wa nde? Baramusubiza ngo: N'Umwana wa Daudi.

43 Arababwira ngo: None si ni gute Daudi mubyo Umuka amwitaga Mwami arikugamba ngo: 44 Umwami yabwiye Umwami wanje ngo: Wikare m'ukuboko kwanje k'uburyo kugeza igihe co ngashire abanzi bawe musi y'ibisando byawe. 45 None Daudi niba yamwise Umwami, yabeye Umwana w'Umwami gute? 46 Nda mundu numwe wamusubize igambo na rimwe. Kuri ico gihe nda numwe wamubazize irindi gambo.