Isura 18

1 Ako kanya, abanafunzi bagendeye Yesu baramubaza ngo: Ni nde mukuru m'ubwami bwo mu juru?

2 Yesu yakura umwana mutoto yamuhagarika hagati yebo arababwira ngo: 3 Kweli, ndikubabwira mwewe mubeye mudahindukire no kuba ng'abana batoto ndo mukayingire m'ubwami bwo mu juru na kannyori. 4 Umundu ukakitise bugufi ng'umwana mutoto niwe ukabe mukuru m'ubwami bwo mu juru. 5 Kandi umundu wakiriye no kuhangayikira umwana mutoto mu zina ryanje akabe ari njewe yakiriye.

6 Umundu woshe ukatume abana banje banyizerire bagwa mu byaha azirikweho urusyo mu gosi ateribwe mu ngezi. 7 Musi hakahoremo ibisitaza. Ariko ahekire ishano, ukabe igisitaza kuri bira be. 8 Niba akaguru kawe cangwa ukuboko bikubereye ikugusha, ubice no kubita kure, kubera ko bibonereye umundu kwingira mu juru ari ikirema aho kugira ngo atabwe m'umuriro gutakazime afite amaguru gombi n'amaboko gombi. 9 Iryisho ryawe ritumire ukora icaha, urivanemo no kurita kure yawe kubera ni byija kwingira mu juru n'iryisho rimwe aho kwingira muri jehenamu n'amiso abiri.

10 Mukirinde, mwere gusuzugura umwe muri bano bana batoto, kuko nababwiye ngo malaika bebo bo kubarinda bo mu juru bahoraga barikurebera imbere ya Data wo mu juru. 11 Mumenye ko Umwana w'umundu yayijire gucungura icabaga caherire. 12 Mwewe murikubitekerezaho ki? Niba umundu afite indama ijana, imwe igahera mbesi ndo yosiga zazindi mirongo icenda n'icenda akagenda kushaka yayindi imwe yaherire? 13 Amarire kuyibona, mbabwize ukuri ko yokishima cane kuruta zazindi mirongo icenda n'icenda zitari herire. 14 Niko bimerire, ndo Data wo mu juru yokwishima kubona umwe muri bano batoto atakeye.

15 Niba mwene sho akorize icaha, genda umuhane muri mwembi gusha. Abeye yemeye, akakumva, ukabe ubwenye mwene sho. 16 Ariko akiyangiye, ufate uwundi mundu mumugendere kugira ngo bikubere ubudimwe, kuko igambo ry'abandu babiri cangwa bashatu rihabwaga agaciro. 17 Naho abeye yangire kubumva, mugende mubwire ikanisa, akomeze kwanga atabwe hanje, abarwe ng'umupagani cangwa umukosoresha. 18 Kweli ndababwiye, ibindu mukafunge ku si no mu juru bikabe bifungirwe, kandi byoshe mukafungure ku si no mu juru bikafungurwe. 19 Kandi ndababwiye ngo: Abandu babiri bafungire inama, ikindu coshe bakasabe Data wo mu juru akakibahe. 20 Kubera ko aho abandu babiri cangwa bashatu bakahurire kubera izina ryanje nanje ngabe ndi hamwe nabo.

21 Nyuma Petro aramugendera no kumubwira ngo: Mwami, umuvukanyi angosereze mubabarire kangahe? Kugeza kuri karindwi?

22 Yesu aramusubiza ngo: ndo ngubwiye karindwi gusha, ahubwo mirongo irindwi kari karindwi. 23 Kubere ibyo, ubwami bwo mu juru bunganisizwe n'Umwami wendaga gukora imibare n'abakozi be. 24 Igihe co yatangiye kubara, bazenye umwe fite ideni rye ry'italanta bihumbi icumi. 25 Aburire ico kuriha, shebuja yategekire ko aba imuhatwa n'abana be hamwe n'umugore we n'ibye byoshe kugira ngo ideni ririhwe. 26 Ariko uwo mukozi yapfukama hashi atangira kumuramya no gushaba imbabazi arikumuhendahenda kuriha kannyori nnyori 27 Uwo shebuja yamupfiriye imbabazi yamufungura, yamubabarira iryo deni ryoshe no kurimusonera. 28 Uwo mukozi yagiye, ahwiye n'umufitiye ideni ry'idinari ijana, yamusimbukiye no kumuniga ngo: Ndihe mwa, cangwa nguniga

29 Wa munya deni arapfukama aramuhendahenda ngo: umbabarire, nyihanganire ngakurihe buhorohoro. 30 Ariko we aranga, yamufata amugendana mu prizo kugeza igihe co kuriha. 31 Nuko abandi bakozi biji ibyabeye, bababeye bagenda kubwira shebuja webo wambere.

32 Shebuja aramuhamagara ngo: Weho uri umukozi mubi, wansambire ngo ngubabarire ideni ry'ibihumbi icumi, ngugirira imbabazi. 33 Nawe wari ugombire kubabarira ideni ry'idinari ijana. Kubera ki utagiriye imbabazi ngizo nakugiriye? 34 Shebuja yarakeye cane, aramutanga ngo bamudihe kugeza igihe co akarihe by'abihumbi cumi. 35 Uko niko Data wo mu juru akabagire niba mutenda kubabarirana mwewe kuri mwewe biviye mu mitima yenyu.