Isura 10

1 Hanyuma, Yesu amarire guhamagara abanafunzi be cumi na babiri, yabaheye ingufu zo kugirukana ibizimu no gukiza indwara n'uburema bwoshe. 2 Gano nigo mazina g'abanafunzi cumi na babiri. Uwambere ni Simoni witwa Petro, na Andereya, Yakobo muhungu wa Zebedayo na Yohana mwene nyina, 3 Filipo na Bartelemayo, Tomasi na Matayo washoreshaga, Yakobo muhungu wa Alfayo na Tadeyo. 4 Simoni w'i Kana na Yuda Iskariyoti, uwo watangire Yesu.

5 Abo nibo banafunzi Yesu yatumire amarire kubategeka ngo: Mwere kugenda iwebo w'abapagani kandi mwere kwingira mu miji z'aba Samariya. 6 Mugende gushaka indama z'Abisraeli baherire. 7 Mugende gushaka kandi murikugamba ngo: Ubwami bwo mu juru bugerire hafi. 8 Mukize abarwayi, muzure abapfiye, muboneze ababembe, mwirukane ibizimu. Mwahewe mutagurire, namwe mutangire busha. 9 Mwere gutwara izahabu cangwa amakuta, cangwa igiceri mu mikaba zenyu. 10 Cangwa si ishakoshi mu safari zenyu, cangwa ipantalo zibiri cangwa ibirato, cangwa ingoni kuko umukozi akwiriye kubona umushahara ku kazi ke. 11 Mubeye mugerire m'urusisiro cangwa m'umuji mubanze mubaze aho umundu ukwiriye kubakira ari, muhabe kugeza igihe co gutaha. 12 Mwingiye mu nju, mubaramutse. 13 Abatuye muri iyo nzu bababereye beja, ituze ryenyu ribemo, ariko babeye ari abandu babi, mwere kubaha ituze ryenyu. 14 Babeye batabakiriye cangwa ndibumvire amagambo genyu mukigendere, mukivire muri iyo nju cangwa ugo muji, hanyuma mubakungumurire umucucu go ku bisando byenyu. 15 Mbabwirize ukuri, ko ugo musi g'urubanza, ugo muji gukahanwe cane kurenza Sodoma na Gomora.

16 Mumenye bunoya, mbatumire ng'indama hagati y'ibisimba bikarihire. Mugitonde ng'injoka, kandi mkiyoroshe ng'inuma. 17 Mukirinde abandu, kuko bakabarege ku tribinali, kandi bakabakubitise ibiboko mu masinagogi. 18 Bakabagendane ku bategetsi bakuru n'abami kugira ngo mube abadimwe hambere yebo no hambere y'abapagani kubera njewe. 19 Kubera ko, naho bakabatange, mwere kwibaja ibyo mukagambe cangwa gusubiza, kuko Imana ikabahe muri iyo saha ibyo mukasubize. 20 Kuko ndo ari mwewe mukagambe, ahubwo Umuka gw'Imana yenyu gukagambire muri mwewe. 21 Abavukanyi bakamarane, n'umubyeyi umwana we, abana bakarwanye abazeyi bebo kandi babite. 22 Abandu boshe bakabange, kubera ijina ryanje, ariko ukihangane kugeza k'umwisho, akakizwe. Niba umugi gumwe gubangire, mwirukangire m'ugundi. 23 Ndikubabwirisa ukuri, Umwana w'Umundu akagaruke mutara zunguruka imiji yoshe y'Israeli.

24 Umwanafunzi ndo yoruta umwalimu we kandi umukozi ndo yokigereka kuri shebuja. 25 Ndo mwotekereza ko abandu boshima umwanafunzi no kugaya mwalimu we, cangwa ngo bafate neja umukozi kurenza shebuja. Niko bimerire kuri mwewe. Kubera ko ndi mwalimu wenyu, bakabatese kubera ko na njewe bantesize. Ni ngaho ndo nyiri inju, niba bamereye nabi, mwewe murindiye ki kiboneye kuri bo?

26 Mwere kubatinya kuko nda cahishirwe kitakahishurwe kandi nda na kimwe gikorwaga kitakamenyekane. 27 Ibyo ndikugamba imbere yenyu m'umuyobe, mukabigambire ku karubanda k'umutaga, ariko ibyo ndikubabwirira m'ugutwi mukabyigisirize heru y'agasongero k'inju. 28 Mwere gutinya ibyitaga umubiri bidashobweye kwita ubuzima mutinye, ahubwo mutinye ibishobweye kwita ubuzima n'umubiri, no kubigeza muri jehenamu. 29 None si ndo mugurisaga ibishwi bibiri ku faranga rimwe, ariko mumenye ko nda na kimwe kigwaga hashi ku butaka no gupfa, Data atabishakire. 30 Kandi imitsatsi zo kumutwe gwenyu zibarirwe. 31 Mwere gutinya rero, murengire kure na kure ibishwi akangari. 32 Ariko ukanyihakanire imbere y'abandu na njewe ngamwihakanire imbere ya Data uri mu juru. 33 Nico gitumire ukandangaze imbere y'abandu na njewe ngamubere umudimwe imbere ya Data uri mu juru.

34 Mwere kukibesa. Ndo nayijire kuzana ituze ku si, ahubwo nazenye umusho. 35 Kuko nayijire gutanya umundu na she wamuzeye, gutanya umuhara na nyina, umukazana na nyirabukwe. 36 Kandi abanzi b'umundu nabo mu nju ye. 37 Ukundaga she na mama we kundenza ndo duhuye. Kandi ukundaga umuhungu we cangwa umuhara we kundenza ndo akwiriwe kuba uwanje. 38 Udahekire umusalaba gwe ngo angurikire ndo nawe akwiriye kuba uwanje. 39 Ukachunge ubuzima bwe akabuhebe, kandi ukabuhebe kubera njewe akabeho ibihe byoshe.

40 Umundu ukabahe karibu ni njewe akabe akaribisize. Kandi ungaribisize akabe akaribisize uwandumire. 41 Uwakiraga imbuzi kubera imburo ze akahabwe isadaka y'imbuzi kandi n'uwakiriye umundu w'ukuri kubera ukuri kwe akahabwe isadaka z'abanyakuri. 42 Kandi umundu woshe ukabahe ikopo ry'amazi gakonje kuko ari umwanafunzi wanje, ndikubabwirisa ukuri ndo akabure ingene ye.