Sura 18

1 Mulugo mwanya abanafunzi baza kwa Yesu bamubwila ninde ali mukulu mubwami bwo mwijuru. 2 Yesu ahamagala umwana muto, amushila hagati yabo. 3 Alavuga, "Kweli ndababwile, mutihanye mukaba nkuyu mwana muto ntimuloshobola kwingila mubwami bwo mwijuru. 4 Wewe yiyotosha nku mwana muto, umuntu nkuyo ni mukulu mubwami bwo mwijuru. 5 Nuwo wese yakila umwana muto kwizina dyange yakila jewe. 6 Aliko wewese achitaza yumwe mulaba bato banyizela haba vyiza kumuntu nkuyo kuhambigwa ulubengo mwisozi dyiwe, akibizwa munyanza hagati. 7 Isi ilagowe kubichitaza! Kukivyo bichitaza ntibizo bula kuza aliko alagowe umuntu nkuyo ibihe biloza kubela wene! 8 Ukuboko kwawe au ukugulu kwawe nihagila kikuchitaza mulivyo, kinogole ukitage kule nawe. Ni vyiza kuli wewe kwingila mubuzima butahela ata kuboko au ulikilema kusumbaho wotabwa mumuliko utaheta ufishe amaboko yose na magulu yose. 9 Kandi jisho dyawe nidya kuchitaza, lilandule ulitage kule yawe. Ni vyiza chane wewe kwingila mubuzima butahela ni jisho limwe, kusumba kutabwa mumulilo utahela ufishe amaso yose. 10 Mulabe ntimukengele yumwe mulaba bato. Kubela ndababwile mwijuru halaba malaika babo bene imisi yose baleba mumaso ya Daha wo mwijuru. 11 Kandi umwana wumuntu yaje kukiza kidya chali chala zimiye" 12 Mwiyumvila iki? Umuntu afishe intama ijana, imwe muli zene ikatakala, mbe ntazoleka milongo mwenda na mwenda kumusozi akaja kulonda yimwe yazimiye? 13 Amaze kujibona kweli ndababwile alayinezelegwa kusumba zidya milongo mwenda na mwenda zitamiye? 14 Kukivyo, subushake bwaso wanyu wo mwijuru koyumwe mulaba bato yofpa nabi. 15 Mwene wanyu niyaku kolela nabi, genda umweleke ingolane iliho hagati yawe na wene aliwenyene. Niyakumviliza, uloba wigaluliye mwene wanyu. 16 Aliko natakumvile, twala umugenzi umwe au babili hamwe nawe, kubela kuminwa yabashahidi babili au batatu kila jambo lilashobola kulebwa. 17 Nalitaho kubumviliza, bwila ikanisa idyo jambo natitaho kubumviliza ikanisa nkuko nyene, basi nabe nkumuntu womwisi nutoza ikoli. 18 Kweli ndababwile, chochose kidya mulofunga mwisi no mwijuru kilofungwa. Nicho mulofungulula mwisi no mwijuru kilofungulugwa. 19 Kandi ndababwile abanu babili muli mwebwe ni bumvikana kwijambo dyodyose mwisi basaba, idyo Daha wo mwijuru azolikola. 20 Kuko babili au batatu bali hamwe kwizina dyange, jewe ndi hagati yabo. 21 Kandi Petro alaza amubwila Yesu, "Mwami, ni kangahe mwene wachu ankolele nabi ndamuganyila? 22 Yesu alamubwila, "Sinkubwila ichulo mushanjo, aliko na milongo mushanjo inchulo mushanjo. 23 Kubelidyo ubwami bwijuru bususa numwami yashache kusuzuma ihesabu kuva kubakozi biwe. 24 Atanguye kusuzuma ihesabu, umukozi umwe azanwa kuliwe woyishuza italanta ibihumbi ichumi. 25 Kubela ntiyalifishe choyo liha, sebuja yategeche aguzwe, umugole wiwe hamwe na bana biwe na kila kintu yalafishe ideni yishugwe. 26 Wamukozi yihula hasi, avukana imbele yiwe, avuga mwami, unyihanganile, ndo kuliha kila kintu. 27 Sebuja wuyo mukozi, amugilila ikigongwe alamulekula amuhebela dya deni yalimufitiye. 28 Aliko uyo mukozi alekuwe abona mugenziwe ya muliliye ideni yamudai idinari ijana. Alamukwega, amufata mwizosi, amubwila ndiha vyo nkudai. 29 Aliko uyo mukozi mugenziwe yihuye hasi alamusaba chane, avuga, unyihanganile, ndokuliha. 30 Aliko uyo mukozi wubwambele yalanse. Hanyuma, yagiye kumushilisha mukifungo, mpaka ahoazo mulihila vyose vyamudai. 31 Abakozi bagenziwe babonye bibaye. Balababaye chane. Balaje babwila sebuja wabo kila kintu chabaye. 32 Niho sebuja wuyo mukozi yamuhamagala, alamubwila, "Ewe wa mukozi mubi, nalakuganyiye wewe ideni dyange dyose kubela wanseze ikigongwe chane. 33 Mbe! Ntiwashakigwa kuba ni mbabazi kumukozi mugenzawe, nkange ingene na kuganyiye wewe? 34 Sebuja wiwe yalashavuye amuha abamutesa kushichaho azoliha vyose vyadayiwa. 35 Uko niko Daha womwijuru azobagilila kila yumwe muli mwebwe nataganyila mugenziwe kuva mumutima wanyu."