Sura 17

1 Imisi itandatu hanyuma ya Yesu yalabatoye hamwe nawe Petro na Yakobo na Yohana mugenziwe kandi alabatola mhaka hejuru yumusozi mlemle wabo mbene nyene. 2 Yalahinduwe imbele yabo. Ishusho yiwe ulela nki zuba ni mpuzu ziwe zalabonekanye zibeleye nkumucho. 3 Raba haliya bavuye Musa na Eliya baganila nawe. 4 Petro alishura no kumubwira Yesu, "Umwami ni uwiza iwachu twenge kubaho ahahantu nimba wimpfuza, nzokubaka ibibanda bitatu kimwe chawe, kimwe kubela Musa, na kimwe kubela Eliya. 5 Mugihe alimwo alavuga, laba igichu chela kibalela, agatutu laba havamwo ijwi kuva mugichu, livuga, "Uwu numwana wanje nkunda wombegwa nwe mumwu mvewene." 6 Abanye shuli bumvishije ivyo, balagwa bubanywe bacha balatinya chane. 7 Hanyuma Yesu alaza alabakolako alavuga, "Vyuka ntimu tinye." 8 Nabo baluna mula amaso yabo hejulu aliko ntiba mubonye umuntu atali Yesu wenyene. 9 Kandi balimwo balululuka mumusozi, Yesu alabatuma, alavuga, "Ntimuzo tange inkulu yokwelekwa ivyo mpaka umwana wumuntu hazo zukila kuva mubafuye." 10 Abanye shule biwe balamubaza bavuga, "Nukubeliki abandichi bavuga yuko Eliya azoza ubwa mbele? 11 Yesu alabishula nokuvuga, "Eliya azozanyenekandi azogalula amajambo yose." 12 Aliko ndababwila, Eliya yamaze kuza, aliko ntiba mumenye. Hanyuma yaho, bamukoleye amajambo bashaka bene nivyo nivyo umwana wumuntu azobabazwa mumaboko yabo." 13 Niho abanye shuli bamenye yuko yaliko alavuga inkulu za Yohana umubatizi. 14 Bamaze kushika mishengelo dya bantu, umuntu umwe yalamugiliye, alapfu kama imbele yiwe, nokumubwila. 15 Umwami, umugilile iki gongwe umwana wanje kukubela abaye nicheku nokuteseka chane. Kukubela mukindi kihe alagwa mumulilo chanke mumazi. 16 Nala muzanye kubanyeshule bawe, aliko ntiba shoboyo kumukiza. 17 Yesu alishula alavuga, "Mwege uluvyalo lutize la kandi gwono nekaye nzokwichala namwe mpaka dyali? Nzokwihangana namwe mpaka dyali? Muzane ngaha iwanje." 18 Yesu yala mukankamiyi namadayimoni galamuvamwo, umusole yala kijijwe kuva idyasaha. 19 Hanyuma abanyeshule balamuzila Yesu kwisili balamubaza, "Nuku beliki tutashoboye kumubinga?" 20 Yesu alababwila, "Kukubela ukwizela kwanyu guto nukuli ndaba bwila, nimba muzoba nukwizela na gutoya nkulu tetegwi mbuto yihaladali, muzoshobola kubwi la uwu musozi, suhuka uve ngaha ugende haliya, nao uzosuhuka na nti hazoba ikintu chochose cho kunai lana iwanyu. 21 "Aliko ububwo kobwama daimoni ntibushoboka kuvamo, aliko kuma sengo nokwisonzesho." 22 Mugihe bakili bado Galilaya, Yesu alababwila abanyeshule biwe, "Umwana wumuntu azoshigwa mumaboko ya bantu. 23 Kandi bazo mwicha, umusi wa gatatu azozuka." Abanyeshule balashavuye chane. 24 Nabo basohoye kapelenaumu, abantu begelanya ikoli yinusu ishekeli balamugila Petro alavuga, "None umwigisha wanyu aliha ikodi yinusu yishekeli?" 25 Alavuga, "Ego" Aliko Petro amaze kwinjila munzu Yesu alavuga alavugana na Petro ubwambele no kuvuga, "Uliyumvila iki Simoni? Umwami wisi wa kila ikoli chanke ubushulu kuva inde? Kuli badya bala bakilizi kuva kubashichi? 26 No mugihe Petro ahoya vuga vuga, "Kuva mubashichi "Yesu alaba bwila kulivyo abaganzwa bavanyweho mukuliha. 27 Aliko ntitizoze tubakole abatoza koli bagakola ivyaha genda munyanza taga indo wani utwale idya samaki ije ubwa mbele, hanyuma yo kuugala umunwa wiwe, uzosanga mudya ishekeli imwe. Itole ubahe abatoza koli kubela jewe na wewe.