Sura 6

1 Kandi muriyo misi, mukihe ikitigiri cha abigishwa chalichiyongera, Ukwidodomba kwa bayahudi bi kiyunani kwa banje kuba Hebrayo, kukubera aba mpakazi babo ntibibukwa kungaburo yi misi yose yo vyokudya. 2 Intumwa chumi na zibili zihamagaza ikoraniro dyabigishwa no kuvuga, "Sivyo iwachu kuleka ijambo dyi Mana ni kugaburisha ivyo kumeza. 3 None, benewachu nimutote abagabo mushanju, kuva muri mwebwe abantu beza buzuye mwemu nu bwenge, botushobora kushikiriza ikikikogwa. 4 Natwe tuzoshishikara kusenga no kugabura ijambo dyi Mana. 5 Amajambo yabo aranezeleza ikoraniro dyose. Aho batora Stefano, umuntu yaliyuzuye ukwizera na mwemu yera na Filipo, prokoro, Nikanoni, Timoni, Parmena na Nikolao umunyantiokia. 6 Abizera bazanye ababantu imbele yintumwa, barasenze hanyuma babarambika kwibiganza vyabo. 7 Aho, ijambo dyi Mana lirakwira hose. Nikitigiri cha bigishwa kirushiriza kwiyongera iyerusalemu, ni kitigiri cha bakuru bubaha ukwizera. 8 Na Stefano yuzuye ubuntu nu bubasha yali akora ibitangaza ni bimenyecho binini mu bantu. 9 Aliko aho hiburuka bamwe mu bantu bo mwisinagogi dyitwa isinagogi dya bide gomvya, na bikirene na baeskanderiyo na bamwe kuva kilikia na Asiya. Aba bantu bali baharira na Stefano. 10 Aliko ntibashoboye kuchinda na nu bwenge ni mwemu yo Stefano yakoresha mu kuvaga. 11 Nuko ahendahenda bamwe mubantu mwibanga avuga, "Twumvishe Stefano avuga amajambo yo kurogotwa kuri Musa ni ku Mana." 12 Bosha abantu, abazehe na bandichi, na bamugira Stefano bara mufata, bamujana imbele yi kombe. 13 Bazana ivyabona vyibinyoma bavuga, "Uyumuntu ntaleka kuvuga amajambo mabi hejuru yili jambo dyera ni vyagezwe. 14 Kuko, twumvishe avuga yuko uyu Yesu wi Nazareti azokwonona aha hantu ni kuhindura imigenzo twashikirijwe na Musa. 15 Buri muntu yari mwikombe ahanga amaso yiwe kumuraba Stefano, nabo babona amaso yiwe ari nkamaso yu mumara yika.